google-site-verification=2iJojlsiQsFfOoy_lDSwLbB1xcW0Kw-w-hKoPsk0HcI

Uyu musi : Real Madrid vs Man City

Uyu munsi igenekerezo rya 09/4/2024 isaha zitatu z’ijoro niho iyo migwi ibiri itana mumitwe kukibuga ca Santiago Bernabéu mu gisagara ca Madrid muri Espagne. Umumenyeshamakuru wa ATOCO BURUNDI mugisata ca Sport ( ATOCO SPORTS ) yagize ico avuga Imbere yuko uru rumino rutangura. Yavuze ati : 

Real_Madrid : Real Madrid igiye gukina itagira inguvu z’umunyezamu mukuru Thibaut Courtois, n’abandi bakinyi bahora ari ngenderwako nka Eder Militao na David Alaba bamaze igihe mumvune.

Igiye gukina kandi ishobora no kuzobura abakinyi bane mu rukino rwo gusubirira, aribo Vinicius, Camavinga, Tchouameni na Jude Bellingham, hamwe bohabwa ikarata z’umuhondo uyu munsi, bivanye n’ukwo umukinyi ahawe ikarata z’umuhondo mu nkino zibiri zikurikirana ahanishwa gusiba urukino rukurikira ariko naho biri ukwo, Vinicius Jr n’umukinyi ateje uruhagarara umugwi mukeba kuko urajwe ishinga n’ukuntu uzomuhagarika. Uyu mwaka, Real Madrid yatakaje Karim Benzema hama yunguka Jude Bellingham”.  Yabandanije asigura k’umurwi wa Man City nawo utorohewe,

Man_City : Ku rundi ruhande, Manchester City igiye gukina itagira Kyle Walker na Nathan Ake bari mumvune, ikaba ijanye na Josko Gvardiol nawe atari bwakire neza, ivyabateye amadidane y’ukuntu baja guhagarika Vini.

N’ikindi, Ederson Morales yagarutse, ariko ivyo ntaco bibwiye Pep Guardiola kuko asanzwe yizera n’umunyegori wakabiri Stephan Ortega . Ufatiye ku mugwi wo mu mwaka uheze, Man City yatakaje Ilkay Gundogan, yagiye kwa Barcelona, na Riyad Mahrez yagiye mu barabu, ariko yarazanye Jérémie Doku nk’umusubirizi ariko abikora neza, kandi Kevin De Bruyne na Phil Foden bamaze iminsi bahagaze neza, kandi na Haaland ameze neza

Ni imigwi ibiri ifise abamenyereza isi yose yemeza ko aribo babiri bambere beza KW’ISI, kandi n’imigwi yama itangura ihiganwa rya Champions League ihabwa amahirwe yo kuyitwara.”

Abamenyeshamakuru Papa Utamu, Mbuyamba na Richardson biteguye kubashikiriza ikibiriraho uru rukino kuri Black FM 94.9

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

× Chat