google-site-verification=2iJojlsiQsFfOoy_lDSwLbB1xcW0Kw-w-hKoPsk0HcI

Bavuye muri Leta zunze ubumwe z’Amerika baje gutanguza Label nshasha mu Burundi.

Iyi Label nshasha yitwa SSE ( Soft Sound Empire ) isanzwe ifise icacaro gikuru muri USA ariko bipfuza no gukorera mu Burundi naho nyene bagashigikira Impano nshasha zaho.

Nkuko Manager wa SSE abivuga , ikindi kibazanye ni kwirabira uko Umuziki mu Burundi wifashe , gutanga akazi Kubakorera muri ico gisata no gukora ama Collabo mu ntumbero yoguteza imbere igihugu c’Uburundi.

Ino Label isanzwe ibarizwamwo umuririmvyi PasclaB Kalito akaba na manager mukuru wa Mkali vinsolo hamwe na producer wabo Naroh.Muri comment twabasangije akaririmbo gashasha k’uno muririmvyi Mkali vinsolo yise Nzaguha .

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

× Chat