google-site-verification=2iJojlsiQsFfOoy_lDSwLbB1xcW0Kw-w-hKoPsk0HcI

Ethiopie : Timy Nassor yabonanye na Ambassadeur Willy NYAMITWE

Umuririmvyi Timy Nassor yahuye na Ambassadeur w’uburundi muri Ethiopie , umwubahwa Willy Nyamitwe.Ivyo vyose vyabaye aho Timy arikumwe na mushikiwe umuririmvyikazi w’icamamare ESTHER NISH bari basanzwe bavuye muri festival MASSA D’ABIDJAN 2024 aho yari yatumiwe guserukira igihugu c’Uburundi.

Timy Nassor na mushikiwe Esther Nish bafashe agafoto k’urwibutso kuri Ambassade y’Uburundi muri Ethiopie.

Sivyo gusa kuko Timy Nassor n’umurwi wiwe SEKURA MUZIK bamuhaye icegeranyo banagirana ikiganiro cubaka nkuko tubimenyeshwa n’umwe mubo barikumwe. “N’ukuri wari umunezero udasanzwe kwakirwa n’urya muvyeyi asanzwe anashigikira abanyakaranga bikomeye, rero twaganiriye anatwakira neza cane aduha n’impanuro anatwipfuriza kubandanya duteza imbere imico n’akaranga vy’Uburuundi”

SEKURA MUZIK nayo yafashe agafoto na Ambassadeur Willy Nyamitwe

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

× Chat