google-site-verification=2iJojlsiQsFfOoy_lDSwLbB1xcW0Kw-w-hKoPsk0HcI

USA : Julia Fox aricuza umwanya yataye kuri Kanye West.

Umu model akaba n’umukinyi wa filime, yamamaye cane igihe yakundana na Kanye West Ye, ubu yamenyesheje ko yicuza igihe n’umwanya yataye kuri uyu muraperi bakundanye.

Julia Fox yatanguye kumenyekana cane muri 2021 igihe yari mu rukundo Kanye West Ye yaramaze igihe guto atandukanye n’umugore wiwe Kim Kardashian.

Mu kiganiro Julia Fox yakoranye n’ikinyamakuru InStyle Magazine, yavuze ati: ”Bihora bintera isoni iyo mbonye amafoto yanje na Kanye canke nk’ubu iyo abanyamakuru bamumbajijeko. Sintahura ikintu catumye ndamukunda kiriya gihe”.

Uyu munyamideli yagarutse ku rukundo rwabo na Kanye West rutamaze kabiri, avuga ko yicuza kuba yarataye umwanya wiwe kuri uyu muraperi.

Julia ,umugore w’imyaka 34 usanzwe afise umwana w’umuhungu yavyaranye n’umugabo baherutse gutandukana, yabandanije avuga ati: ”Burya ingaruka zogukundana nawe nazibonye inyuma, umwanya wanje namutayeko kuko ntiyankunda. Yankoresheje kugirango atere ishari uwari umugore wiwe (Kim), ntabwo vyari urukundo”.

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

× Chat