Akajembegete : Umugore wiwe yahabwa 205 000 000 FBu kukwezi , yokurera umwana arayanka ngo nimake
Akajembegete : Umugore wiwe yahabwa 205 000 000 FBu kukwezi , yokurera umwana arayanka ngo nimake.
Uwahoze ari Umugore w’umuririmvyi 50 Cent , bakaba bavanye afise umwana umwe, Shaniqua Tompkins , 50 Cent yiyemeje kuza aramuha 41000 vy’amadorari vyokwifashisha kukwezi nuko bose baravyemeranya .
Ibi birumvikana cane , uyumusi nimba 1$ = 5000 Fbu , nukuvuga 41.000 $ angana namiriyoni 205 z’amarundi .
Nuko 50Cent ,yaheruka yavyemeranyije n’umugore wiwe ko ayomafranga azoza aramutunga kukwezi n’umwana wiwe , gusa Umugore wiwe inyuma yigihe gito yaje kuvyura umugara yitwarira 50 Cent muri Sentare amwagiriza ko amuha amafranga y’indezo make cane.
Budakeye nakabiri sentare imaze gusasa yarihweje urubanza maze ica isaba ko 50 Cent yoza aramuha amafranga atari musi canke hejuru ya 6.700$ kukwezi nukuvuga 33 500 000 Fbu .